Uko wahagera

Urubanza rw'Abagirizwa Gusahura Reta y’Uburundi Imiriyaridi Zirenga Mirongo Ine


Umushikirizamanza Mukuru wa Repuburika, Elyse Ndaye, aherutse , gusaba ubutungane ngo bufate abantu ndwi bagirizwa ko banyuruje itunga ry’igihuhu riarenga imiliyaridi mirongo ine z’amafaranga y’Uburundi.

Umushikirizamanza mukuru wa repuburika y’Uburundi yarashingishije urubanza rw'abagirizwa ko basahuye reta imiriyaridi zirenga mirongo ine. Umushikirizamanza Mukuru wa Repuburika, Elyse Ndaye, aherutse kwitura ubutungane, asaba ko abantu ndwi bagirizwa kunyonora amafaranga ya reta bofatwa. Muri abo bagirizwa harimwo abahoze ari abashikiranganji b'ikigega ca reta, Athanase Gahungu, na Denise Sinankwa, uwahoze atwara ibanki nkuru y'igihugu, Isaac Bizimana n'umugwizatunga atwara ishirahamwe Interpetrol ridandaza ibitoro, Taluku Bashir. Abo bose basabwa kurenguka kw'igenekerezo rya kabiri ukwezi kwa kabiri.

Mu rwandiko Elyse Ndaye yashikirije ubutungane muri sentare nkuru y'igihugu yanditse ko hariho ivyemezo bishasha bigaragaza ko abo bantu batumye reta itakaza imiriyaridi zirenga mirongo ine z'amarundi ni ukuvuga imiriyoni zirenga mirongo ine z'amadorari y'abanyamerika. Iyo dosiye bise "Interpetrol" imaze imyaka myinshi mu butungane. Mu mpera z'umwaka w'i 2010, Elyse Ndaye wenyene ubwiwe yari yambitse izera abakurikiranwa kuri ayo mafaranga. Ariko ubushikiranganji bujejwe intwaro ibereye n'ishirahamwe OLUCOME rigwanya kurya ibiturire no gusesagura amatungo ya reta, vyabandanije bivuga ko iyo dosiye yaranzwe n'ibiturire n'ubusuma.

Idosiye "Interpetrol" niyo yatumye Denise Sinakwa na Athanase gahungu, bahoze ari abashikiranganji b'ikigega ca reta, bahunga igihugu. Ubu bakurikiranwa bari mu mahanga. Uwahoze ari umukuru w'ibanki nkuru y'igihugu, Isaac Bizimana, yarapfunzwe imyaka irenga ibiri mw'ibohero rikuru ry'i Bujumbura kubera iyo dosiye. Urubanza rugiye kwugurugwa bisabwe n'umushikirizamanza mukuru wa repuburika. Bisa n’uko yivuguruje, ariko rurashimisha Gabriel Rufyiri umukuru wa OLUCOME. Ishirahamwe Interpetrol niryo shirahamwe riza imbere mu mashirahamwe ashorera ibitoro reta y'Uburundi. Muri iyo dosiye ivugwa cane muri iki gihe, interpetrol yagirizwa kuba yarishwe amafaranga y'ibitoro itatanze. Kugwanya ibiturire mu kutihanganira uwurya ibiturire wese, biri mu vyo umukuru w'igihugu yashikirije, igihe yasubira gushingwa amabanga yo gusubira kurongora Uburundi. Ishirahamwe OLUCOME rivuga ko imiriyaridi zirenga amajana atatu na mirongo ibiri ziri mu mifuko y'akagwi k'abantu bakenya, kandi yategerezwa kuba ari mu kigega ca reta.

XS
SM
MD
LG