Uko wahagera

Donna Summer Yaritavye Imana Ejo Ku Musi wa Kane

  • VOA

Donna Summer yavutse kw’italiki 31 z’ukwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’1948 mu gisagara ca Boston mu ntara ya Massachusetts mu muryango w’abantu bemera cane Imana

Donna Summer yaritavye Imana ejo ku musi wa kane ahitanywe n’indwara ya cancer. Donna Summer yari azwi nk’umwamikazi wa Disco, ku bantu batari bake, indirimbo ziwerurangiranwa nizo zaranze igihe c’umuziki wa Disco mu myaka y’1970.

Abantu batari bake bakunda umuziki barakunze cane indirimbo ziwe igihe zaza ubwa mbere ku rutonde rw’indirimbo zakundwa cane.

Yamara naho yara afise abantu benshi bamukunda, mu kiringo kitari gito ntiyigeze yiyumva nk'umuntu rurangiranwa.

Summer avuga kw’igihe umuntu ateye imbere, biba nk’ibintu umuntu atamenyereye. Ngw’umuntu aravyifuza ngo yamara igihe bibaye bisa n’ibintu biba biatangaje.

Donna Summer yavutse kw’italiki 31 z’ukwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’1948 mu gisagara ca Boston, mu ntara ya Massachusetts, mu muryango w’abantu bemera cane Imana, Donna Summer yatsindiye udushimwe twa Grammies dutanu yatanguye kuririmba muri chorale mw’isengero.

Yasohoye album yiwe ya mbere ari wenyene mu mwaka w’1974, yitwa” Lady Of The Night”. Iyo album yarakunzwe cane mu karere k’I Bulaya, yamara ntiyashitse kure cane muri Amerika.

Umwaka wakwirikiye, ibintu vyarahindutse, igihe indirimbo yasohoye, “Love To Love You Baby” yanyuze abategetsi b’ishirahamwe risohora indirimbo .

Mu mwaka w’1979, Donna Summer yabaye umuririmvyikazi wa mbere indirimbo ziwe zitatu zabaye iza mbere mu mwaka umwe.

Summer yagumye asohora indirimbo naho ubwoko bw’umuziki bwa Disco bwari butanguye gutituka, akaba yarasohoye iyindi album yari ikomeye mu mwaka w’1983, “She Works Hard For The Money”.

N'igihe atari agikomeye cane, Summer yabandanije kuririmba mu vyashimisha abamukunda

Donna Summer yitavye Imana ejo ku musi wa kane, mu ntara ya Florida, aho yaba n’umutambukanyi wiwe, Bruce Sudano, umuririmvyi, akongera akaba yandika amajambo akoreshwa mu ndirimbo.

Donna Summer yitavye Imana afise imyaka mirongo itandatu n’itatu.

XS
SM
MD
LG