Uko wahagera

Dusangire Ijambo: Ikibazo ca Ruswa mu Burundi


Reta zagiye zirabisikanya nta kintu kiboneka zakoze, ku buryo ico kibazo cagiye kirakomera, ruswa ihava iba ndanse mu Burundi.

Mu kiganiro Dusangire Ijambo, tugiye kuganira ku kibazo ca ruswa mu Burundi. Ruswa ni ikibazo gikomeye cane gose cavuzwe mu Burundi kuva kera, haba kuri reta zitandukanye, zagiye zirahanahana ubutegetse kuva kuri Repiblika ya mbere havuye intwaro ya cami. Intwaro zagiye zirakurikirana zarashikirije ico kibazo, eka mbere n’intwaro zimwe zirashinga imigwi ijejwe gutuza ruswa, kugwanya ba kaboko n’abantu basesagura amatungo y’igihugu. Ariko Reta zagiye zirabisikanya nta kintu kiboneka zakoze, ku buryo ico kibazo cagiye kirakomera, ruswa ihava iba ndanse mu Burundi.

Haheruka gufatwa ingingo zikomeye: Hashikirijwe amadosiye ashika140, azotuma reta isubira kwigarurira amafaranga angana n’umuliyaridi umwe n’imiliyoni zine z’amarundi. Iyo n’intambwe ya mbere, kandi bigenze neza, reta izogarura mu masandugu amafaranga atari make.

Umumenyeshamakuru Frederic Nkundikije yaratumiye abashingantahe, Leonidas Habonimana, Commissaire arongoye Brigade Speciale ijejwe gutuza ruswa; Gabriel Rufyiri, umukuru w’ishirahamwe Olucom, amaze igihe ashira ahagaragara ivyerekeye gusahura no kunyuruza umutungo w’igihugu; hamwe na Chevineau Mugwengezo, umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPD, akaba akurikirana ivya politike y’Uburundi, baganira kuri ico kibazo.

XS
SM
MD
LG