Uko wahagera

Ibiciro vy'Impapuro z'Ingenzi mu Burundi Vyadugijwe


Itegeko nshikiranganji nomero 215/224 ryo ku wa gatatu, igenekerezo rya kabiri ukwezi kwa gatatu, umwaka wi 2011, rishinga ibiciro bishasha vy'impapuro ziranga ingenzi

Umushikiranganji ajejwe umutekano mu gihugu, Alain Guillaume Bunyoni, yaraye asohoye itegeko nshikiranganji nomero 215/224 ryo ku wa gatatu, igenekerezo rya kabiri ukwezi kwa gatatu, umwaka wi 2011, rishinga ibiciro bishasha vy'impapuro ziranga ingenzi.

Urupapuro rw'ingenzi rusanzwe rwahora ku mafaranga ibihumbi mirongo itanu (50.000 FrBu), rugiye kugurwa amafaranga ibihumbi amajana abiri na mirongo itatu na bitanu (235.000 FrBu). Urupapuro rw'ingenzi ruhabwa abategetsi rugiye kugurishwa amafaranga ibihumbi ijana na mirongo itanu na bitanu (155.000FrBu).

Umushikiranganji Alain Guillaume Bunyoni nta nsiguro yatanze, ariko iryo tegeko risohotse inyuma y'aho impapuro z'ingenzi zari zimaze amezi abiri zidatangwa kubera ingorane z'ubuhinga. Izo mpapuro zigiye gusubira gutangwa hisunzwe ubuhinga bwa none bwemewe n'amakungu.

Abanyagihugu baganiriye n'Ijwi rya Amerika baridogera iyo ngingo, bakavuga ko ije gusongera isibe y'ubukene bwari busanzwe bubabangamiye.

XS
SM
MD
LG