Uko wahagera

CNDD-FDD Yaratsinze Amatora y'Abakenguzamateka


Ku ntebe mirongo itatu na zine z’inama nkenguzamateka zahiganirwa, mirongo itatu na zibiri zegukiye umugambwe CNDD-FDD

Umugambwe CNDD-FDD niwo watahukanye intsinzi mu matora y'abakenguzamateka. Inyuma y'amatora y'abakenguzamateka yo ku wa gatatu, igenekerezo rya 28, ukwezi kw’indwi, ibiharuro bimaze kuja ahabona vyerekana ko umugambwe CNDD-FDD uri k'ubutegetsi waraye utahukanye intsinzi. Ku ntebe mirongo itatu na zine zahiganirwa, mirongo itatu na zibiri zegukiye umugambwe CNDD-FDD.Umugambwe UPRONAnawo utsindira intebe zibiri gusa.

Ayo matora yitambwe n'abagize inama mpanuzwajambo z'ama komine yatunganijwe ku mirwa mikuru y'intara, yabaye m’umutekano ushimishije. Imigambwe itemera ivyavuye mu matora yo mu makomine nti yitavye ayo matora yahujije imigambwe ibiri gusa, CNDD-FDD na UPRONA.

Ku bakenguzamateka mirongo itatatu na bane batowe, umugwi ujejwe gutegura amatora CENI uzokwongerako abatwa batatu batanzwe n'amashirahamwe yabo. Abahoze ari abakuru b'Uburundi bane: Jean Baptiste Bagaza, Pierre Buyoya, Sylvestre Ntibantunganya na Domitien Ndayizeye, amategeko abinjiza mu nama nkenguzamateka batarinze guca mu matora. Inamankenguzamateka izoba igizwe n'abantu mirongo ine n'umwe.

XS
SM
MD
LG