Uko wahagera

Chen Guangcheng, Atavuga rumwe na Reta y’Ubushinwa Yarashitse Muri Amerika


Chen Guangcheng
Chen Guangcheng

Ugushika kwiwe I New York vyarangije ikiringo c’ibibazo mu migenderanire ya Amerika n’Ubushinwa camaze ukwezi inyuma yuko Chen ahunze ugupfungwa icamaso mu ntara ya Shandong.

Umushinwa w’impumyi atavuga rumwe na Reta y’igihugu c’Ubushinwa, Chen Guangcheng yarashitse muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, aho yatangaje kw’ashimira Reta y’Ubushinwa kubera yarerekanye ukwihangana ku vyerekeye ikibazo ciwe.

Chen yarashimiye kandi Reta Zunze Unbumwe za Amerika kuba zaramuhaye ubuhingiro muri Ambassade ya Amerika I Beijing n’ukuba zatumye ashobora kuva mu gihugu c’Ubushinwa hamwe n’ukumurekurira kuba n’ukwiga muri Amerika.

Ivyo Chen yabitangaje hanze y’ishule kaminuza, New York University mw’ijoro ry’ejo ku musi wa gatandatu, gatoyi inyuma yuko ashitse ku kibuga c’ondege, Liberty International Airport co mu gisagara ca Newark hanze y’igisagara ca New York, aho yasanganiwe n’abakozi ba Departement ya Reta ya Amerika n’umugenzi wiwe, professeur Jerome Cohen.

Ugushika kwiwe I New York vyarangije ikiringo c’ibibazo mu migenderanire ya Amerika n’Ubushinwa camaze ukwezi inyuma yuko Chen ahunze ugupfungwa icamaso mu ntara ya Shandong.

Chen, umupfasoni wiwe n’abana biwe babiri barekuriwe kuva mu Bushinwa mu gitondo c’ejo ku musi wa gatandatu.

XS
SM
MD
LG