Uko wahagera

Charles Taylor Yaragiwe n’Ivyaha vyo mu Ngwano n’Ivyaha Bityoza Agateka ka Muntu


Charles Taylor
Charles Taylor

Taylor yarafashije ityozwa rikomeye ry’agateka ka muntu ryagizwe n’abagwanya ubutegetsi mu ngwano yo mu gihugu ca Sierra Leone.

Charles Taylor yahoze ari prezida w’igihugu ca Liberia, yaragiwe ivyaha vyo mu ngwano n’ivyaha bityoza agateka ka muntu ejo ku musi wa kane. Sentare idasanzwe yashiriweho igihugu ca Sierra Leone, yasanze ejo ku musi wa kane Taylor yarafashije ityozwa rikomeye ry’agateka ka muntu ryagizwe n’abagwanya ubutegetsi mu ngwano yo mu gihugu ca Sierra Leone.

Umucamanza mukuru w’iyo sentare, Richard Lussick yavuze ko Charles Taylor yagiwe n’ivyaha vyose cumi na kimwe, harimwo ivyaha vy’ubwicanyi, gufata abapfasoni n’abigeme ku nguvu, gushirashuza abapfasoni n’abigeme, kwinjiza abana mu gisirikare, n’ukugira abantu abashumba.

Charles Taylor, yari yambaye costume y’ibara ry’ubururu, yari atenkanye igihe yumviriza isomwa ry’uburubanza rwiwe.

Taylor, umukuru w’igihugu wa mbere yagiwe n’ivyaha muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, kuva urubanza rwo mu gisagara ca Nuremberg, rwa Karl Doenitz mu mwaka w’1946, yayoboye mu kanya gatoyi Ubudagi bw’aba Nazi inyuma y’urupfu rwa Adolf Hitler.

Umucamanza mukuru wa sentare idasanzwe yashiriweho igihugu ca Sierre Leone, Richard Lussick yavuze ko Taylor azomenya igihano azoba yaciriwe kw’italiki mirongo itatu z’ukwezi kwa gatanu. Taylor yatangaje ko ata caha yakoze, akaba afise uburenganzira bw’ukwunguruza.

XS
SM
MD
LG