Uko wahagera

Callixte Nzabonimana Yaciriwe Urubanza rw’Ugupfungwa Ubuzima Bwiwe Bwose


Callixte Nzabonimana yahoze ari umushikiranganji, yakokeje abantu kwica Abatutsi bari hagati ya cumin a batanu na mirongo itandatu mu kwezi kwa kane mu mwaka w’1994 mu ntara ya Nyabikenke.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yashiriweho Urwanda, yatangaje ko Callixte Nzabonimana yahoze ari umushikiranganji, yakokeje abantu kwica Abatutsi bari hagati ya cumin a batanu na mirongo itandatu mu kwezi kwa kane mu mwaka w’1994 mu ntara ya Nyabikenke.

Iyo sentare yatangaje ko Callixte Nzabonimana yongeye akokeza abantu kwica Abatutsi incuro zitatu mur’uko kwezi kwa kane mu mwaka w’1994, , akaba yagiranye amasezerano ku vyerekeye kwica Abatutsi na Reta nfatakibanza y’Urwanda y’ico gihe.

Nzabonimana yabaye umushikiranganji ajejwe urwaruka muri Reta nfatakibanza y’Urwanda mu mwaka w’1994.

Callixte Nzabonimana yafatiwe mu gihugu ca Tanzania mu mwaka w’2008, akaba yashikirijwe Sentare yashiriweho Urwanda iri mu gisagara ca Arusha mu gihugu ca Tanzania.

XS
SM
MD
LG