Uko wahagera

Abarundi Barenga Amajana Abiri Baherutse Guhunguka Bava Muri Congo


Abategetsi b’Uburundi bafadikanije na HCR, baraye bakiriye, ejo ku musi wa kabiri, igenekerezo rya kane, ry’uku kwezi kw’icumi, impunzi z'Abarundi barenga amajana abiri na mirongo ine batahutse bava mu gihugu ca Congo.

Abategetsi b’Uburundi bafadikanije na HCR, baraye bakiriye, ejo ku musi wa kabiri, igenekerezo rya kane, ry’uku kwezi kw’icumi, impunzi z'Abarundi barenga amajana abiri na mirongo ine batahutse bava mu gihugu ca Congo iharanira demokarasi (RCD). Ico gikorwa kigiye gutangura kiri mu masezerano HCR, Congo, n'Uburundi vyagiraniye mu mpera z'umwaka urangiye w'i 2009.

K'urubibe Uburundi buhana na Congo, mu Gatumba, impunzi z’abarundi amajana abiri na mirongo ine na bane bakiriwe, binjiye mu Burundi bafise akamwemwe, ariko vyaribonekeza ko benshi bafise ibibazo. Tubegereye tukabasa kuganira, bamwe batubwiye ko ata n'Ikirundi bazi, ngo kuko bavukiye muri Congo, ku bavyeyi bahunze mu mwaka w'i 1972, bakaba bamaze gupfa. Abacibuka Ikirundi nabo, batubwiye ko batazi n’iyo baja, ngo kuko gutaha babitewe n'uko no muri Congo ubuzima butoroshe.

Mu majambo yashikirijwe n'impande zose, n’ukuvuga HCR, Uburundi na Congo havuzwe ko ico gikorwa caraye gitanguye kizobandanya gushika Uburundi butahukanye abantu ibihumbi cumi, ku bihumbi cumi na bitanu vy'impunzi z'Abarundi bari muri Congo. Abo bose ngo batahuka ku gushaka kwabo. Amasezerano yemejwe mu mpera z'umwaka w'i 2009, asaba ko n’igihugu ca Congo gitahukana impunzi z'AbanyeCongo bari m’Uburundi. HCR iharura abashika mu bihumbi mirongo ine na bine. Bitegekanijwe ko ku ndwi hazokwakirwa impunzi zirenga amajana abiri z'Abarundi batahutse. Mu mpera z'umwaka, ngo bazoba bamaze gutahukana impunzi ibihumbi bitanu. Bernard Ntwari ajejwe kumenyesha amakuru muri HCR arashimishwa n'uko ico gikorwa catanguye.

Izo mpunzi zitahutse mu gihe, mu ntara nyishi zo hagati mu gihugu hagwiriye ibigwati bitiriye amahoro, vyakira abarundi batahuka batagira iyo baja, kubera ko bavukiye mu buhungiro. Abantu bagize imiryango amajana atanu babayeho mu bukene butagira uko buvugwa mu bigwati by'amahoro, i Mutambara mu Rumonge, mu ntara ya Bururi, na Nyakazi muri komine Kibago mu ntara ya Makamba, m’ubumanuko bw'Uburundi.

Muri HCR ico kibazo barakizi, ngo none bariko baragerageza kugitorera umuti bafadikanije na reta y’Uburundi. Ariko kandi ngo baragabisha abatahuka kugira ngo bamenye ko bataje mw'iparadizo, kandi ko ikibazo c'amatongo gikomeye. Ayo masezerano yemejwe na HCR, na Congo Iharanira Demokarasi n'Uburundi avuga ko azotahukana impunzi zivyishakiye. Uretse izo mpunzi ziri muri Congo, ibiharuro vya HCR vyerekana ko Tanzania, mu turere twa Kigoma na Mutabira, hakiri impunzi z'Abarundi zirenga ibihumbi mirongo itandatu.

XS
SM
MD
LG