Uko wahagera

Irengutswa ry’Abatwara Amashirahamwe Yigenga mu Burundi


Inyuma y’irengutswa m’ubutungane ry’abakuru b’amashirahamwe OLUCOME na APRODH, harengukijwe Richard Ntawe, yahoze ari umuvugizi w’ishirahamwe OLUCOME

Richard Ntawe, yahoze ari umuvugizi w’ishirahamwe Olucome, yarengukijwe mu butungane, kur’uyu wa kabiri, igenekerezo rya 13, ukwezi kw’icenda. Umushikirizamanza wa sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura, niwe yasohoye umutahe uhamagaza, Richard Ntahe, yahoze ari umuvugizi, akaba n’umunyamabanga nshingwabikogwa w’ishirahamwe rigwanya abarya ibituri n’isesagurwa ry’amatungo ya reta. Richard Ntahe yabajijwe ku bijanye n’igandagugwa rya Ernest Manirumva, yahoze ari icegera c’umukuru w’ishirahamwe Olucome.

Mu ndwi zibiri ziheze, abakuru b’amashirahamwe OLUCOME na APRODH bararengukijwe nabo nyene muri sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura. Bose babajijwe ku bijanye n’urupfu rwa Ernest Manirumva. Yaba Ntawe canke abo bantu babiri, bose bavuga ko batangazwa n’uko abagira amatohoza batarengutsa abategetsi bakuru bakuru bo mu gwego gw’igiporisi, harimwo ndetse n’uwutwara iperereza, bamaze kuvugwa n’ibiro FBI vyo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Amashirahamwe cumi yigenga, arimwo n’amashirahamwe APRODH na OLUCOME, amaze umwaka urenga asaba ko abategetsi bavugwa mu rupfu rwa Ernest Manirumva bafatwa bakabazwa. Mu ndwi irangiye, Pacifque Nininahazwe, umukuru wa FORSC, ihurikiro ry’amashirahamwe ashika amajana atatu, yatangaje ko bagiye gushingisha, mu masentare mpuzamakungu, urubanza rwerekeye igandagurwa rya Ernest Manirumva, amaze umwaka n’amezi arenga atanu agandaguwe, mu gisagara ca Bujumbura. Iyicwa rw’uwahoze ari icegera c’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME, ryashitse mu gihe yariko agira amatohoza ku bijanye n’isoko ry’ibiharage vy’ugwego gw’igiporisi, ryavuzwemwo ubusuma n’ugupfumbatisha.

Umudandaza, Hilaire Ndayizamba, yahawe iryo soko, ari mu bapfunzwe. Ariko amashirahamwe yigenga avuga ko abagize uruhara rukomeye gushika n’ubu batarafatwa. Uwitwa, Gérard Nduwayo, batazira Sese, yari mu bakurikiranwa, kandi yari yahungiye muri Canada, none reta y’ico gihugu yaramurungitse, ubu arabandanya kubazwa, apfungiwe mw’ibohero rikuru ryo mu Rumonge.

XS
SM
MD
LG