Uko wahagera

Perezida Petero Nkurunziza Yaraye Asubiriye Gutorwa


Mu matora y’umukuru w’igihugu aherutse kuba mu Burundi, Perezida Petero Nkurunziza yatowe ku bice birenga mirongo icenda kw'ijana

Mu matora y’umukuru w’igihugu aherutse kuba mu Burundi, Perezida Petero Nkurunziza yatowe ku bice birenga mirongo icenda kw'ijana. Umukuru w'ugwego rujejewe gutunganya amatora, CENI, yaraye ashikirije ibitigiri mfatakibanza vyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu yabaye ku wa mbere igenekerezo rya 28 ukwezi kwa gatandatu 2010. Ivyo bitigiri vyerekana ko Perezida Petero Nkurunziza yatowe ku bice 91 n'uduce 62. Abanyagihugu ngo bitavye ayo matora, n’ibice 76 n'uduce 98.

Mu biharuro dusoma ko intara ya Karusi iza imbere mu zatoye cane Perezida Nkurunziza. Muri iyo ntara, umukuru w'igihugu c'Uburundi afisemwo imirima myinshi y'ibitoke n'imyumbati. Intara za Bururi n'igisagara ca Bujumbura ziza inyuma mugutora umukuru w'igihugu,izo nazo zivugwa ko zirimwo abantu benshi bize.

Umukuru w'umugambwe CNDD-FDD washize imbere Petero Nkurunziza ngo ahiganire ikibanza c'umukuru w"igihugu yaganiye n’Ijwi rya Amerika avuga ko bashima cane ukuntu abanyagihugu bitavye amatora. Jeremie Ngendakumana arongoye CNDD-FDD, avuga ko bazotwara ku neza y’abarundi bose, n'ubwo hariho abatitavye ayo matora, bivuye ku kamo k'imigambwe yakuye akarenge mu matora y'umukuru w'igihugu.

Ibitigiri mfatakibanza bigiye kuzoshikirizwa, mu misi iza, Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro. Amategeko aha iyo sentare imisi umunani kugira ngo yemeze ivyo bitigiri, hanyuma bice vyitwa ntabanduka. Mu gihe vyokwemezwa Perezida Nkurunziza azoca abandanya gutwara Uburundi, mu kindi kiringo c'imyaka itanu. Ibwirizwa nshingiro rivuga kandi ko inyuma y'ico kiringo Perezida Nkurunziza atazoba afise uburenganzira bwo gusubira kwitoza. Mur'iyi myaka itanu agiye kubandanya atwara Uburund, Perezida Nkurunziza arafise ububasha bwo guhinduza ibwirizwa nshingiro.

XS
SM
MD
LG