Uko wahagera

Burundi: Abapolisi 77 Nibo Bamaze Kwicwa


Icegeranyo c’ubuyobozi bukuru bw’igipolisi cerekana ko abantu 451 aribo bishwe kuva mu kwezi kwa kane umwaka uheze. Muribo harimwo abapolisi77. Umuvugizi w’igipolisi asigura ko bamwe bahitanywe n’amasasu yiyerereza, abandi bagwa mu bitero vy’abagizi ba nabi yita abagumutsi abandi nabo bahitanwa n’imitego batezwe ku giti cabo.

Iki cegeranyo c’igipolisi kiri kure y’ibindi vyegeranyo vy’amashirahamwe y’agateka ka zina muntu yo mu gihugu na mpuzamakungu avuga ko abantu barenga 600 bishwe. Ariko ibitigiri igipolisi cerakanye biregeranye n’ivy’umugwi w’igihugu uharanira agateka ka zina muntu. I ruhande y’abantu bahasize ubuzima n’abasinzikariye, hari n’ibigwanisho vyashwe.

Igipolisi cemeza ko muri rusangi muruyu mwaka wose gihanganye n’abo cita abagumutsi cavyifashemwo. Ariko rero n’amakosa ngo ntiyabuze. Abatavuga rumwe na Leta baragirije akenshi igipolisi ko kinyuruza abanywanyi b’imigambwe n’amashirahamwe biyamirije ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu bongera babahohotera ubuzima. Amatohoza igipolisi cakoze yamirira kure ivyo vyagiriji. Igipolisi kiranabeshuza amakuru yavuzwe ko hari interahamwe zaje ku butaka bw’Uburundi zigahabwa imyambaro y’igipolisi c’Uburundi zikanakoreshwa mukugandagura abantu.

Amenyesha ko n’inama mpuzamakungu y’ibihugu vyo mu biyaga binini CIRGL yamiriye kure ayo makuru ikurikije amatohoza yigiriye. Igipolisi kivuga ko imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikindi kiringo ca Perezida Nkurunziza cita imigumuko kuko ngo yarimwo gukoresha inguvu yitabiriwe n’abantu bashika ibihumbi 6. Kubera ubwinshi bw’abagiye barahagarikwa, igipolisi kiremanga ko bitakunda ko abantu babaho neza mu busho busanzwe ari na buto.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:09 0:00

XS
SM
MD
LG