Uko wahagera

Perezida Nkurunziza Yasuye Komini Mugamba


Abahungabanya umutekano mu ntara ya Bururi muri komini Mugamba bahawe ikiringo c'imisi cumi nitanu kugira bishikane. Umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza yavuze ko ico kiringo giheze bazokoresha uburyo bwose bushoboka kugira amahoro aboneke muri ako karere.

Rwabaye urugendo rwambere Perezida Nkurunziza agize muri iyo komine kuva imyiyerekano yiyamiriza ugusubira kwitoza kwiwe mu kibanza c'umukuru w'igihugu itanguye.

Muvyamuzindukanye harimwo ukugabisha abadurumbanya umutekano.

Bamwe mu banyagihugu basanzwe ntibahahonyoje ikirenge abandi nabo twabona babirabira kure. Mugamba ni imwe mu ma komini ya Bururi akunda kwibonekezamwo umutekano muke.

Mu ijambo ryo kwakira umukuru w'igihugu,buramatari w'iyo ntara Christian Nkurunziza yatanze icegeranyo c'abaguye muri uwo mutekano muke. Yavuze kandi igitigiri c'ibigwanisho bimaze gufatwa kuva mu ntango z'umwaka wa 2016.

Perezida Nkurunziza yamenyesheje abanyamugamba na cane cane ugwaruka rwari aho ko mumugamba biyemeje kuhagarukana amahoro.

Yatanze akarore k'ivyabereye mu ntara ya Bujumbura mu mwaka 2010. Inyuma y'amatora y'abajenama b'amakomini yo mukwezi kwa gatanu haribonekeje ubwicanyi. Hari amashirahamwe yitaho ivyagateka ka zina muntu mu Burundi yavuga ko ubwo bwicanye bufatiye ku mvo za politiki.

XS
SM
MD
LG