Uko wahagera

Burundi: Ikiziga c’Umuntu Ataramenyekana I Gitega.


Ababonye ubwa mbere ikiziga c’umuntu w’umugabo yoba afise hagati y’inyaka mirongo itatu na mirong’ itatu n’itanu, n’abanyagihugu bari bazindutse ku mirimo yabo hagati mu gisagara ca Gitega,bavuye aho bita I Nyabututsi rural.

Ico kiziga cabonetse ku mutumba wa Nyabututsi aho bita I Mwumba, kwibarabara rihuza quartier nyabututsi na quartier Mushasha Gushika isaha zitatu n’inusu zo ku musase, nta muntu yari bwamenye uwo muntu.

Icegera c’umukuru w’umutumba wa Nyabutusti yahavuye ahambisha uwo muntu hafi y’ikibanza batoyemwo ikiziga ciwe, kuko muri komine bavuze kw’ ata buryo buriho bwo kubikisha ibiziga mu buruhukiro.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:31 0:00

XS
SM
MD
LG