Uko wahagera

Abaseserdoti bo Mu Burundi ku Matora


Inama nkuru y’abasaserdoti bo mu Burundi yarasohoye itangazo kw’igenekerezo rya 28 ry’ukwezi kwa gatanu, umwaka w’2015.

Iryo tangazo riramenyesha kw’inama nkuru y’abaserdoti irongowe na Musenyeri Gervais Banshimiyubusa yakuye intumwa zayo mu gikorwa kijanye n’amatora kubera ibintu bitati bike, abaserdoti bari barumvikanye n’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora, bitubahirijwe.

Inama nkuru y’abasaserdoti iratera akamo kandi abachristu bose hamwe n’abarundi bose kabasa kwitaba amatora, ngo kuko amatora ariyo nzira yonyene ya demokrasi.

Abo baserdoti barasaba abarundi bose kugaruka ku gatima ko kwihanganira hamwe n’ukurekuriranira kugira ngo bubake Uburundi burangwamwo amahoro.

Mesenyeri Gervais Banshimiyubusa yaraduhaye ikiganiro.

Abashingantae Aime Pascal Nduwimana hamwe na Audifaxe Ndabitoreye, baragize ico bavuga ku kur’iryo tangazo ryashizwe ahabona n’abasenyeri:

Mushobora kwumviriza.

please wait

No media source currently available

0:00 1:00:00 0:00

XS
SM
MD
LG