Uko wahagera

Obama: Barundi, Murebe Kazoza k'Abana Banyu


Perezida w'Amerika Barack Obama
Perezida w'Amerika Barack Obama

Amahoro. Ni Jewe Perezida Barack Obama.Uyu musi, nshaka kubashikiriza ijambo amaso mu yandi, abarundi mwese.

Uburundi n’igihugu ciyubashe kandi ciza. Yamara mu mezi aheze, kazoza k’Uburundi mukunda cane, karahuye n’intambamyi zishobora kujana Uburundi mu kaga. Abategesi barashikirije amajambo y’urwanko. Harabaye ubwicanyi bukabije bwahitanye ubuzima bw’abantu ataco bazira, abagabo, abagore hamwe n’abana. Kubera kahise k’Uburundi kabayemwo amakuba, turazi ahantu ubwicanyi hamwe n’ubugizi bwa nabi nk’ubwo bushobora gutwara igihugu. Mur’iki gihe, murafise akaryo ko guhindura inzira.

Vyongeye, ntimuri mwenyene. Mu gihe c’imyaka myinshi, ibihugu n’amashirahamwe vyo mu ntara, na Reta zunze ubumwe za Amerika, vyarakoreye hamwe mu gufasha kwubaka igihugu gikomeye, kandi kirimwo amahoro. Ndiko ndabashikiriza iri jambo ka bugenzi kandi ka bucuti dukorana.

Kuri mwebwe namwe bategetsi murongoye Uburundi. Ubu n’igihe co kuvavanura n’imvugo ituma haba indyane n’urwanko. Ni mushire mu ngiro umugambi mwemeye wo kugira ibiganiro bihagarikiwe n’umuhuza mpuzamakungu, bizobera hanze y’Uburundi. Kanatsinda, inguvu nyazo, n’ubushobozi bwo kwunga ubumwe bw’igihugu, ntabwo ar’ukugicamwo ibice.

Kuri mwebwe namwe basirikare b’Uburundi. Mubonwa nk’abantu bafise ubushobozi bwo kurengera indyane, murashoboye kwunga ubumwe. Mur’abana b’Uburundi, barimwo abagabo n’abakenyezi. Mwarafashije mu gikorwa co kubungabunga amahoro mu bihugu bitandukanye vyo muri Afrika.

Ubu nahomurashobora gufasha kubungabunga amahoro mu gihugu, mu kwirinda kwisuka mu vyerekeye indyane za politike, maze mugakingira abarundi.

Namwe Barundi mwese. Nimwibuke ibintu mushobora kurangura igihe cose mugiye hamwe mukaba umwe, nimwibuke ukuntu mwavuye mu bukoloni, mukubaka igihugu gishasha. Inyuma y’aho muviriye mu ngwano, mwarakoze muraheza murubaka igihugu. Mwarabonye ko hashobora kuboneka kazoza keza karimwo amahoro. Ntimwemere kw’ihiganirwa ry’ivyicaro vya poltike canke amajambo y’urwanko, abakura mur’ako kazoza keza karimwo amahoro.

Muri bamwe, kandi ubu nico gihe- co kwiyamiriza ubwicanyi hamwe n’ubugizi bwa nabi, n’igihe co gutangura igikorwa gihambaye co kwunga ubumwe. Kazoza k’igihugu canyu, kazoza mwipfuriza abana banyu, kari mu minwe yanyu.

Murakoze cane.

XS
SM
MD
LG