Uko wahagera

Burundi: Gerenade mu Ntara ya Ngozi


Hari gerenade yaraye itewe mu kabare kegukiye musitanteri wa komini Ruhororo mu ntara ya Ngozi.Imana yarakinze ntaco yahitanye.

Mugihe yatewe mu kibanza Musitanteri yari yamye ateramiyemwo inyuma y’iminona nka 30 ahavuye, uwo mutware yikekako ari iterabwoba ariko agirwako n’abacuruza inzoga zitemewe n’amategeko bo mw’ikambi y’abateshejwe izabo iri ngaho ku Ruhororo kuva mu mwaka w’1993 ari naho musitanteri aba.

Ababa muri iyo site bo kikeka ko iyo gerenade yoba yatewe n’abavuye hanze kugira babateranye n’umurongozi mushasha. Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Jean Bosco Ndarurinze ni we wakurikiye iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:12 0:00

XS
SM
MD
LG