Uko wahagera

Burundi: Ibihano by'Ubulaya ni Akarenganyo


Reta y’Uburundi kuruyu wa kabiri, ivuga ko ubumwe bwa Bulaya bwirengagije intambwe ishimishije mu biganiro bihuza Abarundi n’ingingo zimaze imisi zifatwa mu bijanye n’agateka ka zina muntu.

Reta itanga akarorero k’ingingo ya Perezida y’ukugirira ikigongwe abanyororo bashika ibihumbi bibiri, ihagarikwa ry’imitahe ku bantu bamwe bamwe, hamwe n’iyugururwa ry’amaradiyo. Ikindi reta ivuga n’ikigongwe cagiriwe bamwe mubafatiwe mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Perezida Nkurunziza reta yise imigumuko.

Philippe Nzobonariba, umuvugizi wa reta aravuga iyi ngingo y’ubumwe bwa Bulaya abatavuga rumwe na reta bemeza ko izogira ingaruka mbi kubanyagihugu. Ariko kubwabo, nta wundi muti uhari w’ukugondoza ubutegetsi kugira bwemere ibiganiro hagati yabwo n’ababugwanya.

XS
SM
MD
LG