Uko wahagera

Burundi: Denise Nkurunziza n'Urwaruka mu Kirundo


Urwaruka ruri mu mashure yisumbuye mu ntara ya Kirundo rurafise amakenga ku migambi leta yoba iriko irarutegurira muri kazoza rumaze kurangiza amashure. Bamwe mubari mu kiganiro urwo rwaruka rwagiraniye n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu kumugoroba w’uwu wa gatanu barashikirije ibibazo bashobora kugira muri kazoza.

Ubwa mbere, abanyeshure bashikirije amakenga y’iyo abana batazoshobora kubandanya inyuma y’amashure nshingiro bazoja. Amakenga bashikirije afatiye kumugambi wo kujana abo banyeshure mu mashure y’imyuga kandi ayo mashure ataho babona ariko arubakwa. Abageze mumashure arangiza barabajije ibijanye n’agafashanyo bahora bahabwa bagiye kwimenyereza ubu katakiboneka..

Ikindi abo banyeshure bashikirije ni ingorane z’uko bashobora kuba bafise imigambi yo kwiteza imbere mugihe bazoba barangije amashure,ariko bakabura uburyo bwo gutanguza imigambi yabo namwarirya atabuzi bukiboneka. Bipfuje kumenya uko leta yoba iriko iritegura kubafata mu mugongo kugira bashobore gutangura imigambi yabo. Urwo rwaruka rwarondeye kandi kumenya ico reta yoba iriko irakora kugira ifashe abana ba ntahonikora kugira ntibahebe amashure.

Madamu Nkurunziza asaba abanyeshure gufata ingingo zibereye imbere y’ubusambanyi kuko iyo umuntu atabuhunze buguma bumukwegakwega. Denise Nkurunziza avugako abana basambana bagata amashure kubera ubukene bidasiguritse kuko kubwiwe ubusambanyi ari ingeso. Kubijanye no gushigikira urwaruka mu migambi yarwo mugihe ruba rumaze kurangiza amashure, Madamu Nkurunziza avugako leta itoshobora gushigikira umuntu umwumwe wese kugiti ciwe.

Umuyobozi w’indero mu ntara ya Kirundo ahimiriza urwo rwaruka nyabuna kwiga kugira ruzoshobore kubandaniriza mubindi bisata vyategekanijwe mu ntara inyuma y’igice c’amashure shingiro. Umuyobozi w’indero mu ntara yarakuriye inkoni ku gishitsi abanyeshure ko agafashanyo bahora baronka bagiye kwimenyereza kadashobora kuboneka kuko kahora kava mumfashanyo zahagaritswe nabamwe mu bafasha Uburundi.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu Kirundo Jean Bosco Ndarurinze ni we wateguye iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:03 0:00

XS
SM
MD
LG