Uko wahagera

Burundi: Koloneli Buzubona Yiciwe i Bujumubura


Koloneli Buzubona
Koloneli Buzubona

Intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi y’ipeta rya Koloneli yarishwe ku mugoroba wo kur’uyu wa gatatu mu gisagara ca Bujumbura n’abantu batamenyekanye. N’igihe yari itashe muri zone Kinama mugisagara ca Bujumbura.

Koloneli Buzubona Emmanuel yari yubatse. Asize abana batanu na bane
yar’areze. Umukenyezi wiwe afise ingorane y’ingene agiye gutunga abo bana.
Mu kiringo c’ukwezi kumwe kutarenga ntikurenguke hamaze kwicwa mu gisagara ca Bujumbura intwazangabo zine z’igisirikare c’Uburundi.

Mu gisirikare c’Uburundi barababazwa n’ibitero bigirwa ku basirikare bo ku rwego rwo hejurukuvahagati mu mwaka wa 2015. Coloneli Gasupari Baratuza avugira urwo rwego amenyesha ko abakora ubwo bwicanyi ari abatipfuriza ineza igihugu. Arahumuriza abibaza ko ibintu biriko birayangara mu gisirikare c’Uburundi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:54 0:00


XS
SM
MD
LG