Uko wahagera

Gitega: Abagirizwa Kudeta Basubiye muri Sentare


Kuruyu wa kabiri, urubanza rw'abagirizwa gushaka guhirika ubutehetsi rwabandanije mw'iyungururizo. Humvirijwe aba General babiri b'abapolisi n'umusirikare umwe w,umu General nyene. Bose bahakanye ivyaha bagirizwa vy'ukwica abantu n'ugukorana n'abateguye imyiyerekano.

Ba komiseri ba polisi bumvirijwe ni Helmenegilde Nimenya na Zénon Ndabaneze nayo umu général w’umusirikare ni Juvénal Niyungeko batazira kiroho. Bose ukwari batatu bagirizwa ivyaha bimwe: gutegura no gushira mu ngiro ihirikwa ry’ubutegetsi, kwica abanyagihugu,abasirikare n’abapolisi, kubomora inyubwakwa n’ugukorana n’abateguye imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Perezida Nkurunziza.

Komiseri wa polisi Ndabaneze yagirijwe kandi ko yari umuvugizi w’akagwi kari kashatse guhirika ubutegetsi. Yemeye ko yiyunze ku ciyumviro ca Niyombare n’abo bari kumwe ariko ko atigeze aba umuvugizi w’umugwi. Ikindi yavuze n’uko yabona ko ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu gishobora gutuma haduka akaga mu gihugu. Ariko nawene yemeye ko yari mubaroye mu manama y’ugutegura ijambo ryasomwe na General Godefroid Niyombare avuga ko Perezida Nkurunziza yakombowe.

Ibi yabihebujweko nk’uko General Cyrille Ndayirukiye yahebujwe asavye ko hoza mu rukinja uwahoze ari umushikiranganji w’ukwivuna abansi, umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare na Général Niyombare. Iruhande y’aba bapolisi bo ku rwego rwo hejuru hanabajijwe kandi Général Juvénal Niyungeko batazira kiroho.Yahakanye ivyo yagirizwa asigura ko ku musi haba gushaka guhirika ubutegetsi yari yibereye aho yariko yubakisha inzu muri karitsiye ya Carama mu buraruko bwa Bujumbura.

Umushikirizamanza wa Repubulika yaciye yunguruza avuga ko umucamanza wa mbere yirengagije isano n’ubucuti biri hagati y’abateguye imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu n’abashatse guhirika ubutegetsi.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu Burundi Eloge Willy Kaneza ni we yakurikiranye iyi nkuru.

XS
SM
MD
LG