Uko wahagera

Bujumbura: Abantu Isinzi Basezeye kuri General Kararuza


Gusezera kuri General Athanase Kararuza
Gusezera kuri General Athanase Kararuza

Kuruyu wa gatandatu niho hafubanwa iteka Général de brigade Athanase Kararuza, umupfasoni wiwe n'umwana wabo. Abo ukwari batatu n'umushoferi baherutse kugwa mu gitero c'abantu bitwaje ibigwanisho ku mugwa mukuru Bujumbura.

Ibirori vyo kumwibuka vyari vyatewe iteka n'abategetsi batari bake harimwo icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu, umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare n'umushikiranganji w'ukwivuna abansi. Abasirikare bahaye icubahiro irya nyuma Général de brigade Athanase Kararuza. I ruhande y’imva yiwe hari kandi izindi zibiri. Iy’umupfasoni wiwe bapfiriye umusi umwe n’iyikibondo cabo caguye mu bitaro ku musi wa kane. Abantu isinzi, abato n’abakuze, abategetsi n’aboroheje bari baje guherekeza abo bahisi. Bose bari barengewe, bamwe bifashe ku matama abandi amosozi agenderanira mu maso.

Ibirori vyo kubasezera irya nyuma vyatangujwe n’inkuka ya misa yabereye kuri paroisse y’ishure rya Saint Esprit ahabo bahisi bagandaguriwe ari nayo paroisse yabo. Yasomwe na Padiri mukuru mu gisirikare General Adelin Gacukuzi. Yasavye Imana ko yofasha abarundi bakavavanura n’inzigo y’akazikira n’ubukozi bw’ikibi.

Général de brigade Athanase Kararuza yitavye Imana afise imyaka 56. Yarajejwe amabanga atari make mu gisirikare aho yatwaye amakambi n’iturere twa gisirikare yongera atwara igisata c’abasirikare bagwanira hasi. Hagati y’ukwezi kwa 12 umwaka wa 2013 n’ukw’icenda 2015 yari icegera c’umukuru w’ingabo zigarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrique.

Ubu yari umujenama mukuru ajejwe ibibazo vy’umutekano n’ukwivuna abansi mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu. Kuva agisohoka ishure ry’intwazangabo ISCAM ntiyigeze araranya mu kuduga amapete kuva kuri Lieutenant gushika kuri General. Be n’umupfasoni wiwe bari bavyaranye ibibondo bine, kimwe murivyo bakaba barasiwe mu muduga umwe citabira Imana mu bitaro.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:17 0:00

XS
SM
MD
LG