Uko wahagera

Ikoreshwa ry'Ubuhinga Bwa None I Bujumbura


Freddy Mbonimpa, Umukuru w'igisagara ca Bujumbura
Freddy Mbonimpa, Umukuru w'igisagara ca Bujumbura

Impapuro z'abagira ubugeni, abitaba Imana, abana bavuka n'ibindi bipapuro bikenewe muri" Etat civil" zigiye gutunganywa ku buhinga bwa none mu gisagara ca Bujumbura kuva mu kwezi kw'indwi.

Umukuru w'igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa amenyesha ko ubu buhinga buzotuma hagabanuka ubusuma n'ububeshi. Asigura kandi ko n'abakeneye impapuro ubu bazozironka badatamye canke ngo zizimire nk'uko vyahora.

Ubwo buryo busahasha buzokoreshwa mu bijanye n’impapuro zikenerwa mu vyerekeye impapuro zandikishwa kuva umuntu avutse gushika yitavye Imana Etat civil mu gifaransa.

N’ukuvuga kwandikisha abana bavutse, abagira ubugeni, abahukanye n’abitaba Imana. I ruhande y’ivyo hari n’ukwandikisha ama karata ndangamuntu, impapuro zerekana ahumuntu aba, urupapuro rwerekana ko umuntu adakurikiranwa n’ubutungane, amakarata y’itora hamwe n’ukumenya ukw’abantu biyongera ku mwaka ku mwaka.

Mbonimpa avuga ko ubwo buryo buzokoreshwa mu ma zone n’ama komine agize igisagara ca Bujumbura. Amenyesha ko hazohinduka ibitari bike. Atanga akarorero k’abiyitirira abantu bapfuye ngo n’abavyeyi babo maze bakaja mu ma sentare basaba gutorana.

Uwuramutswa umugwa mukuru w’Uburundi anavuga ko baba abakozi banonosoye ikoreshwa ry’ubwo buhinga vyaba n’ibikoresho ata gatosi karimwo. Ata gihindutse, ubuhinga bushasha bw’ukwandikisha impapuro muri Etat civil mu gisagara ca Bujumbura buzotangura mu kwezi kw’undwi uyu mwaka.

Ubuhinga buzokoreshwa bukaba bwitiriwe « AKIWACU ». Inama y’ukubwemeza yatunganijwe kuruyu wa gatatu i Bujumbura.

XS
SM
MD
LG