Uko wahagera

Burundi: Imvura Yashenye Amazu muri Cibitoke


Mu ntara ya Cibitoke
Mu ntara ya Cibitoke

Mu ntara ya Cibitoke, imiryango 150 yo muri komine Buganda ntigira aho ikika umusaya kuva ku mugoroba wo kur’uyu wa kabiri. Imvura ivanze n’igihuhusi yaguye yahitanye amazu, imirima ibiti bicako intsinga z’amatara irasasika.

Umutumba wa Kaburantwa niwo wasinzikaye ku mugoroba wo kur’uyu wa kabiri igihe hagwa imvura ivanze n’igihuhusi. Iyo mvura yononye amazu arenga 150 nk’uko vyemezwa n’abanyagihugu n’abajejwe intwaro, kuva ku mutumba gushika ku rwego rwa komine.

Abajejwe intwaro yo hasi ku mutumba kaburantwa bemeza ko abo barongoye bari mu kangaratete kuva ku mugoroba wo kur’uyu wa kabiri. Eka na musitanteri wa komine Buganda atera akamo abagiraneza kugarukira ku banyagihugu bo ku mutumba Kaburantwa basubijwe mw’ihumbi n’imvura yo kur’uyu wa kabiri.

Imvura ivanze n’igihuhusi igize imisi igwa mu ntara ya Cibitoke kuva mu ntango za kuno kwezi kwa gatatu yasambuye inzu zirenga 300 mu makomine ya Bukinanyana, Rugombo Mabayi Murwi na Mugina. Iyo mvura yaranononye imirima y’ibiterwa mbumbarugo, nk’uko abarongoye ayo makomine babivuga.

XS
SM
MD
LG