Uko wahagera

Birakwiye ko Ishirahamwe ry’ Ubumwe bwa Afrika Ryemera ko Igihugu ca Libya Ubu Gitwagwa n’ Urwego rw’ Abagwanya Reta ya Colonel Gadhafi?


Mu gihugu ca Libya, abagwanya reta ya Colonel Moammar Gadhafi ubu nibo bafise igice kinini c’ igihugu kuva mu ndwi iheze aho bafatiye umugwa mukuru Tripoli. Kuva ico gihe ntawuramenya irengero rya Colonel Gadhafi.

Ibihugu vyinshi, harimwo ivy’ iburaya, reta zunz’ubumwe za Amerika eka n’ ibihugu bikeyi vyo muri Afrika bikaba bimaze kwemera ko urwego rw’ igihugu rurongowe

n’ abagwanya reta muri Libya mur’ iki gihe arirwo rutwara igihugu ca Libya. Yamara ibihugu vyinshi vyo muri Afrika, ishirahamwe ry’ ubumwe bwa Afrika vyo ntibiremera urwo rwego nk’ urwego rutwara igihugu ca Libya.

Umushingantahe Achille Barancira yize ivyerekeye politike, mu kiganiro yahaye Ijwi rya Amerika avuga ko ibihugu vyo muri Afrika bidashaka gushoka vyemera ko abagwanya Colonel Gadhafi aribo barongoye igihugu ca Libya ngo kubera imvo zitatu: imvo ya mbere ngo n’ ukubera Colonel Gadadhafi yafashije cane ibihugu bitari bike vyo muri Afrika, imvo ya kabiri ngo n’ uko abo bategetsi bo muri Afrika batinya ko ivyashitse muri Libya bishobora no kubashikira mu bihugu vyabo, imvo ya gatatu ngo n’ uko abategetsi benshi muri Afrika batinya ko mur’ abo bagwanya Gadhafi hashobora kuba hinyegejwemwo abantu bakorana n’ imihari y’ iterabwoba nka al-Qaida.

XS
SM
MD
LG