Uko wahagera

Ban Ki-Moon Yahagaritse Umukuru w'Ingabo MINUSS


Liyetona Jenerali Johnson Mogoa Kimani Ondieki aturuka muri Kenya, mu kuboko kw'iburyo
Liyetona Jenerali Johnson Mogoa Kimani Ondieki aturuka muri Kenya, mu kuboko kw'iburyo

Ban Ki-Moon, Umunyamabanga mukuru wa ONU yafashe ingingo kur’uyu wa kabiri, yo kwirukana umusirikare ayobara ingabo za ONU muri Sudani y’Ubumanuko, MINUSS, General Mogoa Kimani Ondieki, aturuka mu gihugu ca Kenya.

Abakurikiranira hafi ibibera muri Sudani y’Ubumanuko bamenyesha ko hari haheze igihe barindiriye iyo ngingo. Ondieki aregwa mu cegeranyo ca ONU casohotse ku munsi wa kabiri w’indwi iheze, ko inteko arongoye ataco zakoze mu gukingira abanyagihugu hamwe n’abakozi b’amashirahamwe y’abagiraneza. Ondieki yari yagenywe n’umunyamabanga ,ukuru wa ONU, mu kwezi kwa gatanu, aca atangura amabanga yiwe hagati mu kwezi kwa gatandatu.

Jacob Chol, umuhinga muvya politike amenyesha ko MINUSS ata bushobozi yari ifise bwo kurangura amabanga yayo, akavuga ko hakenewe gusubigwamwo amategeko ayigenga ajanye n’ibikorwa vyo gukingira abanyagihugu.

XS
SM
MD
LG