Uko wahagera

Ban Ki-Moon Asaba Ko Higwa Ibijanye n'Ibirwanisho Bitera Ubumara mu Mibiri y'Abantu


Umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, Ban Ki-Moon, yatangaje mu nama yarimwo y’umutekano kur’uyu wa kabiri ko ata gwandiko ruriho gwo kugwanya ibitero bikozwe biciye mu gutera imigera mu mibiri y’abantu.

Ban Ki-Moon yavuze kandi ko isi ititeguye kurwanya igitero nk’ico mu gihe kibaye.Yatangaje ko amashirahamwe mpuzamakungu ata kintu ariko arakora kugira bashobore kurwanya ibitero vyoza biciye mu migera ica mu mibiri y’abantu, kandi ko ibitero nk’ivyo vyohitana abantu benshi kurusha ibigwanisho ruhonyanganda.

Ban Ki-Moon, yasavye inama y’umutekano ya ONU gukora uko bashoboye kugira bakomeze ingingo y’1540, ijanye no kubuza ihingugwa ry’ibigwanisho ruhonyanganda.

Yibukije abari mur’iyo nama ko gutuza ibigwanisho ruhonyanganda, bihingurwa kugira bihitane abantu ku bwinshi, ari imwe mu ntumbero zatumye Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rishirwaho mu mwaka w’1945.

Ban, yavuze ko ibihugu vya rutura vyakoresheje ibigwanisho mwen’ivyo mu ntambara z’isi yose, haraheze imyaka 30, ata nsiguro zifashe bari bafise, ko n’ubu ata nsiguro iriho yo gukoresha ibigwanisho mwen’ivyo.

XS
SM
MD
LG