Uko wahagera

Burundi: Inkunga y'Afurika Iteye Ite?


Umuryango w’ishirahamwe ry’ubumwe bw'Afurika umenyesha ko ugiye kuzorungika abahanuzi muvya gisirikare 100 hamwe n’abarorerezi b’ivy’agateka kazina muntu mu Burundi

Umuhinga akurikirana ivya politike Mohammed Yusuf amenyesha ko utwigoro tw’amakungu tugaragara ko atamwimbu ushimishije turiko turatanga.

Abakuru b’ibihugu batanu baheruka mu Burundi mundwi irangiye mu ntumbero yo kugondoza reta n’abanyepolitike kugira urwo ruhagarara ruhere. Ivyavuye mur’urwo rugendo hari abo bitashimishije.

Icegera c’umuvugizi w’urunani CNARED, Pancrase Cimpanye, ubu ari mu buhungiro amenyesha ko batanezerejwe n’intumwa z’Ubumwe bwa Afrika kuko zitavuze kumasezerano ya Arusha.

Abandanya avuga ko abo bakuru b’ibihugu batashimikiye mu gusaba ko ibiganiro vyobera hanze y’igihugu, ibiganiro vyohuza perezida na CNARED.

Ababazwa kandi ko batavuze kuri za nteko z’abasirikare b’ubumwe bwa Afrika zorungikwa mu Burundi.

Perezida Jacob Zuma wa Afrika y’epfo yamenyesheje ejo kuwa gatandatu ko Ubumwe bwa Afurika buzorungika abahanuzi muvya gisirikare 100 hamwe n’abarorerezi ijana b’ivy’agateka ka muntu.

XS
SM
MD
LG