Uko wahagera

Inama Igira iya 18 y’Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Afrika Yarangiye ata Muyobozi Nshingwabikorwa w’iryo Shirahamwe Atowe.

  • Fidele Niyongabo

Inama igira iya cumi n’umunani y’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika yarangiye ku musi wa mbere w’indwi irangiye

Inama igira iya cumi n’umunani y’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika yarangiye ku musi wa mbere w’indwi irangiye, abategetsi b’ibihugu vya Afrika badashoboye kwumvikana ku munyamabanga w’inama nshingwabikorwa w’iryo shirahamwe.

Mu kiganiro yahaye Ijwi rya Amerika, Zenon Nicayenzi, umuhinga mpanuzwajambo ku bibazo vyerekeye ubutunzi n’iterambere yaravuze kw’atangazwa n’ukugene indimi z’abanyamahanga ziba intambamyi ku vyerekeye kwumvikana, ku woyobora inama nsingwabikorwa y’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika.

Umushingantahe Nicayenzi avuga kw’atabona igituma indimi z’Abanyafrika zidashirwa imbere kandi zishobora gufasha ibintu bikomeye.

Zenon Nicayenzi amenyesha kw’ata gihugu gishobora gutera imbere cifadikije indimi z’abahora bagitegeka.

Ku bindi mwumvirize Umushingantahe Zenon Nicayenzi:

XS
SM
MD
LG