Uko wahagera

Abantu Ibihumbi n’Ibihumbi Bariko Barahunga muri Congo Imbere yuko Ivyavuye mu Matora Bitangazwa Uno Musi ku wa Kabiri

  • VOA

Amatora muri Congo

Amatora muri Congo

Abategetsi bavuga ko benshi mu bariko bashika ku murwa mukuru, Brazzaville, bariko bava ku murwa mukuru, Kinshasa

Abantu ibihumbi n’ibihumbi bariko barahunga umurwa mukuru wa Republika iharanira demokrasi ya Congo, Kinshasa, kubera ubwoba ko ivyavuye mu matora bitegekanijwe ko bitangazwa uno musi ku wa kabiri bishobora gutuma haba ubwicanyi n’uruhagarara.

Igipolisi mu gihugu gihana urubibe na Republika iharanira Demokrasi ya Congo, ca Congo-Brazzaville, catangaje kw’abantu ibihumbi bitatu canke barenga bashitse ku murwa mukuru, Brazzaville kuva kw’italiki zibiri z’ukwezi kw’icumi na kabiri.

Abategetsi bavuga ko benshi mu bariko bashika ku murwa mukuru, Brazzaville, bariko bava ku murwa mukuru, Kinshasa, harangwa n’umwuka mubi cane.

Bitegekanijwe ko abajejwe amatora muri Congo batangaza uno musi ku wa kabiri ivyavuye vyose mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu ndwi iheze. Amajwi yaharuwe avuye mu biri hafi y’igice c’ibibanza vyose vy’amatora vyerekana ko prezida Joseph Kabila ari imbere y’uwo bahiganwa akomeye, Etienne Tshisekedi n’ibice 49 kw’ijana vy’amajwi ku bice mirongo itatu na bine kw’ijana vy’amajwi.

Impande zishigikiye Kabila na Tshisekedi zaragabishije kw’ubwicanyi n’uruhagarara bishobora kwaduka hamwe ibivuye mu matora bitoha intsindi umu candidat wazo.

Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika biriko bisaba Kabila na Tshisekedi kwirinda gusesa amaraso.

XS
SM
MD
LG