Uko wahagera

USA: Itegeko ryo kwitwarira Arabiya Sawudite ryasohotse


Igitero ca World Trade Center, i New York, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika
Igitero ca World Trade Center, i New York, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika

Muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zahakanye itegeko rya Perezida Barack Obama risaba kudakurikirana Igihugu ca Arabiya Sawudite, ku bijanye n’ubwicanyi bwabaye itariki 11 z’ukwezi kw’9, mu mwaka w’2001, mu gisagara ca New York ku nyubakwa za World Trade Center.

Ni mu matora yo kwemeza iryo tegeko canke kurihakana yabaye kur’uyu wa gatatu aho mu nama nshingamateka, abashika ku 348 barihakanye, kuri 77 baryemeje. Nayo mu nama nkenguzamateka, 97 nibo barihakanye, kur’umwe yaryemeje. Bubaye ubwa mbere itegeko rya Perezida Obama ritsindwa ku bwinshi mu nama z’abaserukira abanyagihugu.

Perezida Obama yavugiye kuri televiziyo CNN ko kuba bahakanye iryo tegeko ar’ukwihenda. Kubwa Perezida Obama, ababuriye ababo mur’ico gitero bakwiye gushumbushwa na Reta, yamara ko kureka abanyagihugu bakitwarira igihugu kubera ko kitakoze ibikwiye vyose kugira gihagarike abiyahuzi, bishobora kugirira ingaruka mbi Amerika.

Abashingamateka bahakanye itegeko rya Perezida Obama bamenyesha ko bigaragara ko Arabiya Sawudite yagize uruhara mur’ico gitero, kuko 15 kuri 19 mu batwara indege zakoze ivyo bitero, baturuka mur’ico Gihugu. Abo bashingamateka bamenyesha kandi ko Arabiya Sawudite ifise akaryo ko kuzokwiregura.

Ababuriye ababo mur’ico gitero banezerejwe cane n'uko iyo nteguro itinze ikemegwa nk’itegeko. Itegeko ribaha uburenganzira bwo kwitwara. Bamenyesha ko imyaka yar'ibaye myinshi bariko barasaba kw’iryo tegeko rishoka.

XS
SM
MD
LG