Uko wahagera

Amerika Yaragabanije Infashanyo ya Gisirikare Iha Urwanda

  • VOA

Departement ya Reta ya Amerika yatangaje ejo ku musi wa gatandatu kw’ifise ivyemezo kw’Urwanda rufasha imigwi igwanya ubutegetsi bwa Congo, harimwo umugwi M23.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zaragabanije infashanyo ya gisirikare ziha igihugu C’Urwanda mu kuvuga ko zifise amakenga ko Reta y’Urwanda iriko ifasha abagwanya ubutegetsi muri Republika iharanira Demokrasi ya Congo.

Departement ya Reta ya Amerika yatangaje ejo ku musi wa gatandatu kw’ifise ivyemezo kw’Urwanda rufasha imigwi igwanya ubutegetsi bwa Congo, harimwo umugwi M23. Departement ya Reta ya Amerika yatangaje kw’izogumya ifashanyo y’amadolari ibihumbi amajana abiri yari yemeye agenewe gufasha ibiro vyerekeye imyimenyerezo ya gisirikare.

Reta y’igihugu c’Urwanda yarahakanye incuro zitari nkeko ifasha abagwanya ubutegetsi.

Ingingo y’abategetsi ba Reta ya Amerika ibaye indwi imwe inyuma yuko prezida w’Urwanda na Prezida wa Congo bemeye iringikwa ry’inteko mpuzamakungu kugwamya abagwanya ubutegetsi mu buseruko bwa Congo n’ukugenzura urubibe hagati y’Urwanda na Congo.

XS
SM
MD
LG