Uko wahagera

Amerika Yafatiye Ibihano Ishirahamwe Rifasha Al-Qaida


Abasirikare ba Yemen mu myimenyerezo
Abasirikare ba Yemen mu myimenyerezo

Reta Zunze Ubumwe za Amerika imenyesha ko yafatiye ibihano ishirahamwe ryo kuvunja amafaranga rifiswe n’abagabo babiri bavukana, Said Salih na Muhammad Salih Abd-Rabbuh, baturuka mu gihugu ca Yemen. Amerika imenyesha ko amafaranga ifise mur’iryo shirahamwe hamwe n’ayabo bagabo yafashwe kandi ko ata munyamerika yemerewe gusubira gukorana n’iryo shirahamwe.

Nk’uko vyatangajwe kur’uyu wa kabiri, n’uwujejwe ikigega kiraba ibikorwa vy’iterabwoba, Adam Szubin, iryo shirahamwe riregwa kuba rifasha uruja n’uruza gw’afaranga umugwi Al-Qaida usanzwe ukoresha, no gushigikira ibitero vy’uwo mugwi.

Szubin amenyesha ko ico kigega kizobandanya gukorana n’abagifasha kugira gikingire amafaranga kw’isi, no mu gufata ingingo zijanye no kugwanya abanywanyi b’umugwi Al-Qaida.

Szubin amenyesha kandi ko abo bagabo bagize uruhara mu kurondera abagwanyi bashasha, no mw’igurishwa ry’ibigwanisho.

Igihugu ca Emirats Arabes Unis kikaba naco nyene cari carafatiye ibihano nk’ivyo ishirahamwe ry’abo bagabo n’ibikorwa vyabo vyose.

XS
SM
MD
LG