Uko wahagera

Amerika na Singapour Vyapfunditse Amasezerano ya TPP


Umushikiranganji wa mbere wa Singapour, Lee Hsien Loong
Umushikiranganji wa mbere wa Singapour, Lee Hsien Loong

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, n’umushikiranganji wa mbere wa Singapour, Lee Hsien Loong, basubiye kwiyemeza ku vyerekeye kurenganisha amasezerano, adahuriweko na bose, yerekeye uruja n’uruza ata ntambamyi mu vy’ubudandaji mu karere ka Pasifike.

Perezida Obama, n’umushikiranganji wa mbere Lee, baganiye ivyerekeye ayo masezerano ahuza ibihugu cumi na bibiri, muri iki gihe yahagaye mu nama nshingamateka ya Amerika.

Perezida Obama, avuga ko badashobora guheba ubudandaji hagati y’ibihugu vyo kw’isi aho ubutunzi ari magiriranire. Avuga kw’ubwo budandaji ataho buzoja.

Amenyesha ko badashobora guheba ubwo budandaji, kubera ubutunzi kw’isi ari magiriranire.

Perezida Obama, avuga ko ivyo vyageramira abakozi. Avuga ko inyishu ari ukubona kw’ubwo budandaji bukoreye bose. Ngo nico gituma basubiye kwiyemeza ku vyerekeye amasezerano y’uruja n’uruza, ata ntambamyi, hagati y’ibihugu vyo mu karere ka Pasifike. Amenyesha ako ashigikiye yivuye inyuma ayo masezerano.

Ku musi wa mbere perezida, Obama, yatangaje ko yizeye kw’inama nshingamateka izoruhira kuyemeza, naho abakandida bahiganwa mu matora yo mu mpera z’uyu mwaka, Umudemokarate, Hillary Clinton, n’Umurepublika, Donald Trump, badashigikiye ayo masezerano.

XS
SM
MD
LG