Uko wahagera

LRA Yongerewe Ibihano


Umwe mu basirikare bakuru b'umugwi LRA, Caesar Achellam
Umwe mu basirikare bakuru b'umugwi LRA, Caesar Achellam

Reta Zunze Ubumwe z’Amerika zongereje ibihano kuvyo yari yarafatiye umuhari w’abarwanyi wa Lord's Resistance Army n’umukuru wawo Joseph Kony.

Ivyo bihano mu vy’ubutunzi vyatangajwe kuri uno kuwa kabiri. Bifashwe inyuma yaho Amerika ishiriye ahabona imigwi y’iterabwoba yica aba sivile muri Republika ya Centrafurika.

Reta ya Amerika imenyesha ko kuva mu mwaka wa 2013 umuhari w’abarwanyi wa LRA wishe, uragira imbohe abantu, uratuza abantu muzabo, ndetse urafata abakenyezi ku nguvu muri Republika ya Centrafurika. Bagirizwa no gusambura ubutunzi bw’abasivile.

Ivyo bihano birimwo gufata ubutunzi bw’uwo muhari no kubuza abanyagihugu bo muri Amerika kugiranira imigenderanire muvy’ubutunzi n’uwo muhari.


LRA warwanye intambara na reta ya Uganda mu kiringo c’imyaka 20 imbere yuko uja muri Republika ya Centrafurika, muri Repubilika iharanira Demokarasi ya Kongo no muri Sudani.

Umukuru wawo Joseph Kony aronderwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha kuvyaha vyo mu ntambara no guhohotera agateka ka muntu.

XS
SM
MD
LG