Uko wahagera

Turukiya: Amerika Itewe Amakenga n'Ihagarikwa ry'Abamenyeshamakuru


نشست خبری روزانه جان کربی سخنگوی وزارت خارجه آمریکا - چهارشنبه ۱۲ خرداد ۱۳۹۵

نشست خبری روزانه جان کربی سخنگوی وزارت خارجه آمریکا - چهارشنبه ۱۲ خرداد ۱۳۹۵

Reta Zunze za Amerika imenyesha ko itewe amakenga n’ihagarikwa ry’ibinyamakuru bidakorera Reta ribandanya kwiyongera mu gihugu ca Turukiya. N’inyuma y’ifatwa rya bamwe mu bategetsi b’ikinyamakuru Cumhuriyet, kimwe mu biinyamakuru bikomeye bikorera muri Turukiya.

John Kirby, umuvugizi wa departema ya Amerika, ahamagarira Reta ya Turukiya gukingira agateka n’ubwigenge, akavuga ko demokarasi ikomezwa n’’ivyiyumviro bitandukanye.

Kirby amenyesha ko Amerika yiyemeje gufasha mu gikorwa kijanye no gushira ahabona abashatse guhirika ubutegetsi mu kwezi kw’indwi. Yamara ko ihagarikwa ry’abamenyeshamakuru ryabaye mu mpera z’iyi ndwi iheze, ridahumuriza.

Ni mu gihe, k’umunsi wa gatandatu, abantu bashika ku bihumbi cumi, bagizwe n’abakozi ba Reta ku nzego zo hejuru, abanyeshure ba kaminuza, abigisha hamwe n’abakozi mu gisata c’ubuvuzi bafashwe, ibinyamakuru bitari bike bikugagwa k’umunsi wa gatandatu.

Abafashwe bagirizwa kuba bararenze kw’itegeko rihana iterabwoba, no gushigikira umugwi w’abagwanyi b’Abakurde hamwe n’abayoboke b’umu isilamu Fethullah Gulen, asanzwe yagirizwa na Reta ya Turukiya, ko ari we yagomvye gutembagaza ubutegetsi.

XS
SM
MD
LG