Uko wahagera

Amerika Iratera Ivyatsi Igandagurwa rya Emmanuel Niyonkuru


John Kerby, Umuvugizi wa Departema ya Amerika

John Kerby, Umuvugizi wa Departema ya Amerika

Mw’itangazo ryasohowe n’Umuvugizi wa Departema ya Amerika, John Kirby, rimenyesha ko Amerika iter’ivyatsi igandagurwa ry’Umushikiranganji w’ibidukikije, Emmanuel Niyonkuru, yaguye m’ubwicanyi bwabaye itariki ya mbere, mur’uku kwezi kwa mbere. Reta Zunze Ubumwe za Amerika imenyesha ko yifatikanije n’umuryango n’incuti muri bino bihe bitoroshe bariko baracamwo. Amerika yatangaje kandi ko ihojeje Reta y’Uburundi n’abanyagihugu bose, igasaba ko abakoze ubwo bwicanyi barengutswa imbere y’ubutungane bidatevye.

XS
SM
MD
LG