Uko wahagera

Amerika: Umugambi wo kwakira impunzi


Impunzi muri Amerika

Impunzi muri Amerika

Reta Zunze Ubumwe za Amerika imeneysha ko kur’uyu wa gatandu, itariki ya mbere y’ukwezi kwa 10, yaraye ihejeje ikiringo c’umwaka, ku bijanye no kwakira impunzi za politike. Ubu ikaba itanguye ikindi kiringo gishasha kizohera mu mwaka uza w’2017.

Mur’iki kiringo giheze, Reta Zunze Ubumwe za Amerika imenyesha ko yari yihaye umugambi wo kwakira impunzi zigera ku 85.000. Mur’ico gitigiri, Ubushikiranganji bwa Reta ya Amerika, bumenyesha ko haburamwo abantu batanu gusa kugira gikwire.

Abenshi mu mpunzi Amerika yakiriya, harimwo impunzi zirenga 12.500, zituruka mu gihugu ca Siriya. Republika Iharanira Demokarasi ya Congo, ikaba nayo nyene iri mu bihugu biharugwamwo impunzi nyinshi zakiriwe muri Amerika.

XS
SM
MD
LG