Uko wahagera

Ivyo Congres ya America n’Abategetsi ba Afrika Bavuga ku Bitero vyo muri Libya


Icemezo cafashwe n’inama mpuzamakungu ijejwe umutekano kivuga, kw’ibitero vyo mu gihugu ca Libya ari ivyo gukingira abasivile, no kugarukira ku mbabare.

Ku bw’umusenateri Lindsey Graham ahurikiye mu mugambwe w’abarepublika, akaba aserukira intara ya Caroline yo mu bumanuko, ikibazo ngo s’ukumenya niba President Barack Obama yarakwiye kurungika inteko mu gihugu ca Libya, ngo ikibazo gikwiye kubazwa n’icerekeye icamutumye afata ingingo yaratevye. Ati twaragonanywe mu buryo bushavuje. Ati ibintu vyaramaze kuyanzara mu gihugu ca Libya. Nari gushima iyo President Obama yihuta mu gufata iyo ngingo.

Graham yatangaje ayo majambo mu kiganiro yatanze kuri television Fox News ku musi wa mungu. Senateur John Maccain nawe nyene, yarashikirije iciyumviro nk’ico. Mu kiganiro yashikirije kuri television NBC ku musi wa kabiri, uyo musenateri ahurikiye mu mugambwe w’abarepublika, aserukira intara ya Arizona, yarateye akamo gasaba kwongereza uruhara rwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu ngwano yo mu gihugu ca Libya, kugira ngo hakorwe ibirenga ikirere indege z’igihugu ca Libya, zitarekuriwe kugurukiramwo. Senateri Maccain avuga ati, tuzotegerezwa guha ibigwanisho tukongera tugaha imyimenyerezo ya gisirikare abarwanya ubutegetsi bwa Libya. Avuga ko polititike ya Amerika ivuga ko Gadhafi ategerezwa kuva ku butegetsi.

Senateri John Kerry, umudemokrate aserukira intara ya Massachussets avuga ko umugambi w’utwigoro turiko turakorwa na reta zunze ubumwe za amerika, atabwo ar’ugukura ku butegetsi Gadhafi. Ati ivyo sivyo icemezo cafashwe n’inama mpuzamakungu ijejwe umutekano kivuga, ati kandi sinshobora kuvuga kw’ibiriko birabera mu gihugu ca Libya ar’ingwano. Ati ibitero biriko bikorwa mu gihugu ca Libya, n’ibitero bizomara imisi mikeyi, bifise umugambi wo gukingira abasivile, no kugarukira ku mbabare. Yamara abashingamateka batari bake, bariyamirije ingingo yafashwe na President Obama. Senateri John Cornyn ahurikiye mu mugambwe w’abarepublika, aserukira intara ya Texas, yavuze ko kutagisha inama Congres ya Amerika, bisa n’agasuzuguro.

Dennis Kucinich, umudemokrate aserukira intara ya Ohio, yarasohoye itangazo rivuga kw’ingingo yo gushinga ikirere, indege za reta ya Libya zitarekuriwe kugurukiramwo ar’ingwano, ngo nico gituma yari ikeneye uruhusha rwa Congres.

Mur’iki gihe kandi, President w’igihugu ca Afrika y’Epfo yagabishije avuga kw’ibitero vy’indege z’ibihugu vyo mu burengero, bidakwiye kwica abasivile. Umushingantahe Zuma ari mu bategetsi bo mu bihugu vyo muri Afrika batari bake, bariko baranebagura ivyo bitero. President w’igihugu ca Afrika y’Epfo Jacob Zuma yarateye akamo gasaba kw’agahengwe gatangura bunonyene mu gihugu ca Libya. Yarongeye avuga ko reta yiwe itazoshigikira utwigoro tw’abanyamahanga two gutembagaza umukuru w’igihugu ca Libya, Moammar Gadhafi.

Umushingantahe Zuma, yagize ati: Twebwe mu gihugu ca Afrika y’Epfo, turiyamiriza igandagurwa ry’abasivile, kandi turiyamiriza imigambi yo gutembagaza ubutegetsi, kandi ntidushigikiye ibihugu vyo mu mahanga bija gucumbika mu gihugu ca Libya, canke mu kindi gihugu icarico cose.

Umushingantahe Zuma yarashigikiye icemezo cafashwe n’inama mpuzamakungu ijejwe umutekano, cerekeye ikirere indege z’igihugu ca Libya zitarekuriwe gucamwo. Yamara ngo ico cemezo gitegerezwa gushirwa mu ngiro ata gucisha iruhande. Igihugu ca Afrika y’Epfo kiri mu nama mpuzamakungu ijejwe umutekano ku buryo atari bwegu, carashigikiye icemezo cereye ico kirere.

Umushingantahe Zuma ari mu murwi udasanzwe wagenywe n’ishirahamwe rya Afrika, kugira ngo wumvikanisha abariko baratana mu mitwe mu ngwano yo muri Libya. Ishirahamwe rya Afrika ryaranebaguye kandi ibitero vy’urunani rw’ibihugu vyo mu burengero bigwanisho vy’igihugu ca Libya birasa indege hamwe no ku bikoresho vy’ico gihugu vyo guhana hana amakuru, aho abasivile batari bake bahasize ubuzima.

Umukuru w’ishirahamwe ryo mu bihugu vyo mu ntara ya Afrika yo mu bumanuko bijejwe iterambere, president w’igihugu ca Namibia, Hifikepunye Pohamba, yavuze kw’ivyo bitero vy’urunani rw’ihugu vyo mu burengero, ar’ibitero vyo kwisuka mu bibazo biraba intara ya Afrika.

President w’igihugu ca Zimbabwe hamwe na president w’igihugu ca Uganda, nabo nyene, baranebaguye ivyo bitero, nk’uko president w’igihugu ca Nigeria, nawenyene, yanebinebaguye. Umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu, yaratangaje ko gukura ColonelGadhafi ku butegesi, bitari mu cemezo cafashwe n’inama mpuzamakungu ijejwe umutekano. Yavuze kw’ico cemezo kigaragaza neza, umugambi wo gushinga ikirere, indege z’igihugu ca Libya, zitarekuriwe kugurukiramwo, ngo ar’umugambi wo gukingira abasivile, yongera avuga kw’uyo mugambi, ubuza abasirikare b’abanyamahanga kuja kugwanira ku butaka.

Umutegetsi wa gisirikare wa Amerika akomeye, yaratangaje kw’ibitero vy’abasirikare b’urunani mu gihugu ca Libya, bizogabanuka mur’iki gihe, ikirere indege z’igihugu ca Libya zitarekuriwe kugurukiranamwo, kimaze gushingwa.

Bitegekanijwe kw’ishirahamwe rya Afrika rizogira inama mur’iyi ndwi mu gihugu ca Ethiopia, izoba ifise umugambi wo kwihweza uburyo bwo gutorera inyishu ingwano yo mu gihugu ca Libya.

Iyo nama izoba irimwo intumwa zivuye mw’ishirahamwe ry’ibulaya, mw’ishirahmwe ry’ibihugu vy’abarabu, mw’ishirahamwe ry’ibihugu vy’abaislamu hamwe n’intumwa z’ishirahamwe mpuzamakungu.

XS
SM
MD
LG