Uko wahagera

Amatora y’Umukuru w’Igihugu Muri Cameroon


Amatora y’Umukuru w’Igihugu Muri Cameroon
Amatora y’Umukuru w’Igihugu Muri Cameroon

President Pierre Buyoya yahoze atwara Uburundi, akaba arinawe arongoye intumwa z’ishirahamwe FRANCOPHONIE zijejwe kugenduza amatora y’Umukuru w’igihugu yabaye ejo ku musi wa mungu mu gihugu ca Cameroun, avuga kw’amatora muri rusangi yagenze neza. Yamara ngo nta nyana ibura agahozi: harabonetse utubazo tumwe tumwe, twaciye dutorerwa umuti, aho ibibanza bimwe bimwe vyo gutoreramwo, vyuguruye bitevye, hamwe n’abantu batari bafise amakarata yo gutora, hamwe n’abanyagihugu batari bazi ibibanza baja gutoreramwo;

President Pierre Buyoya avuga kw’ayo matora yabaye amatora ya mbere mu gihugu ca Cameroon atunganijwe n’umurwi w’igihugu wigenga. Bitegekanijwe kw’ivyavuye mu matora, bizotanganzwa mu misi iri imbere, ariko ku musi wa kabiri, aho amajwi ariko aragana, hashobora kumenyekana:

XS
SM
MD
LG