Uko wahagera

Amatora ya President wa Reta zunze Ubumwe za Amerika mu Mwaka w’2012


Amatora ya President wa Reta zunze Ubumwe za Amerika mu Mwaka w’2012
Amatora ya President wa Reta zunze Ubumwe za Amerika mu Mwaka w’2012

Hari amakuru meza yerekeye ubutunzi, yashikirijwe ku musi wa gatanu, avuga kw’igitigiri c’abashomeri, cagabanutse gushika ku bice 9%, yamara iyo nkuru yatangajwe, umusi umwe inyuma y’aho habereye uruhombo rukomeye mu vyekereye amasoko y’ubutunzi.

Hari amakuru meza yerekeye ubutunzi, yashikirijwe ku musi wa gatanu, avuga kw’igitigiri c’abashomeri, cagabanutse gushika ku bice 9%, yamara iyo nkuru yatangajwe, umusi umwe inyuma y’aho habereye uruhombo rukomeye mu vyekereye amasoko y’ubutunzi.

Amakuru amaze gutohozwa, yerekana kw’abanyagihugu batewe amakenga n’ikibazo c’ubutunzi kandi ata kizero bafise ka kazoza keza, mur’iki gihe hasigaye amezi 15 ngo amatora y ‘umukuru w’igihugu abe muri reta zunze ubumwe za amerika.

President Barack Obama yarakiriye neza iyo nkuru y’igitigiri c’abashomeri cagabanutse, yamara yaragabishije avuga ko reta zunze ubumwe za amerika zigifise inzira ndende, imbere y’uko zigarukana ubuzi imiliyoni umunani bwatakajwe mu mwaka w’2008, igihe haduka ikibazo c’ubutunzi kw’isi.

President Obama avuga kw’ikintu ashaka kw’abanyamerika hamwe n’abantu bakorana na reta zunze ubumwe za amerika kw’isi hose bamenya ar’uko ivyo bibazo tuzobivamwo kandi ibintu bizogenda neza, kandi uyo mugambi tuzowushikira turi kumwe twese.

Abahinga mu vyerekeye politike bavuga kw’ikibazo c’ubutunzi, arico kizoba gihambaye cane mu matora y’umukuru w’igihugu. Bavuga kandi kw’ikibazo c’ubushomeri kibandanya hamwe n’ikibazo cifashe nabi c’amasoko y’ubutunzi, biteye amakenga president hamwe n’abanyagihugu bamushigikiye.

Amanota ya president Obama yaragabanutse nk’uko amakuru aheruka gutohozwa avyerekana, kandi ivyo vyaratumye abategetsi bo mu mugambwe w’abarepublika bariko bariyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu, baguma bashimikira ku kibazo c’ubutunzi.

Mu bisanzwe muri reta zunze ubumwe za amerika, amatora y’umukuru w’igihugu, n’amatora yerekeye urubanza abanyagihugu bacira umukuru w’igihugu ari mu mabanga yiwe. Umusenateri w’umurepublika aserukira intara ya Tennessee, Lamar Alexander avuga kw’ata gitangaza kihari ku vyekerekeye umugambi w’umugambwe wiwe wo gushimikira kur’ivyo bibazo mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu mwaka uza.

Umushingantahe Alexander avuga ko abarepublika batazoshira amakosa kuri president yerekeye ingorane yasigiwe na president w’imbere yiwe, yamara bazomushirako amakosa kuko yatumye ibintu vyunyuka kurusha.

President arizeye kuronka amanota ya politike avuye ku kuntu habonetse amasezerano yerekeye kuduza igitigiri c’umwenda reta zunze ubumwe za amerika zirekuriwe gusaba; ayo manota akozoyahabwa cane cane n’abanyagihugu bari hagati.

Yamara abademokrate benshi barababajwe n’iyo ngingo yo kwemera guhurira hagati n’abarepublika, kuko bavuga ko president yahevye ibintu vyinshi, mu gihe kandi umugambi wo kuduza amatagisi ku bakire, wakuwe mu biganiro.


Tom DeFrank n’umukuru w’ibiro vy’I Washington, vy’ikinyamakuru the New York Daily News. Yaratanze ikiganiro kw’iradiyo Ijwi rya amerika, akaba avuga kw’abarepublika mur’iki gihe hasigaye amezi 15, biyemeje gukora ibishobotse vyose kugira ngo babuze president gutsinda ikintu na kime mu mpari zose barimwo zerekeye umwenda w’igihugu.

Umuhinga ajejwe gutera impanuro zihabwa abademokrate Mark Penn avuga ko president akwiye kwibutsa abanyamerika ko naho ibintu bitifashe neza, vyohava vyunyuka gusumba mu gihe atotorwa.

Umushingantahe Penne avuga kw’ikibazo president akwiye kubaza ar’ikibazo co kumenya niba abanyamerika batipfuza kubandanya imigambi yiwe, akongera akababa niza bashobora kwipfuza gusubira ku baRepublika hamwe n’imigambi yabo ya Bush, arinayo yatumye igihugu cacu kigwa mur’ibi bibazo vy’amadeni hamwe n’ibi bibazo vy’ubutunzi.

Guhiganira ikibanza c’umutegetsi azohiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu ku giti c’umumbwe w’abarepublika, bizokomera mur’iyi ndwi, aho abacandida bose bazohiganirwa mu ntara ya Iowa.

XS
SM
MD
LG