Uko wahagera

Somaliya: Amatora y'Umukuru w'Igihugu Yasubiye Kwigizwayo


Imyiyamamazo y'Umugambweutavuga rumwe n'ubutegetsi "Solidarity Party" muri Somaliya
Imyiyamamazo y'Umugambweutavuga rumwe n'ubutegetsi "Solidarity Party" muri Somaliya

Muri Somaliya, inyuma y’aho amatora y’Umukuru w’Igihugu yungurujwe incuro zibiri, umugwi CENI ujejwe kuyatunganya watangaje kur’uyu wa mbere ko ayo matora yar’ategekanijwe gutangura kur’uyu wa gatatu atakibaye. Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’umugwi CENI, Omar Mohamed Abdulle.

Nta tariki nshasha yashikirijwe, yamara Abdulle yatangaje ko Umukuru w’Igihugu mushasha azoba yatowe imbere y’uko uyu mwaka urangira. Abashingamateka nibo bazotora Umukuru w’Igihugu mushasha, amatora y’abo baserukira abanyagihugu akaba atashoboye gutunganywa mu gihugu cose.

Amatora y’abashingamateka yaranzwemwo ubunyonyezi, umugwi CENI umenyesha ko uriko urakora amatohoza ku makosa yabaye mur’ayo matora. Nur Jimale Farah, ajejwe gucungera amatungo ya Reta yabwiye Ijwi rya Amerika, mu ntango z’uku kwezi ko ibibanza bimwe bimwe vyo mu nama nshingamateka vyatahukanywe n’abatanga amafaranga menshi.

Mwomenya ko Prezida Hassan Sheikh Mohamoud, arongoye muri kino gihe Somaliya, ari k’urutonde gw’abakandida bazokwitoza mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu.

XS
SM
MD
LG