Uko wahagera

Amerika: Abanyagihugu Amamiliyoni baramaze Gutora


Umurongo w'abatoye imbere y'isango muri Reta ya Ohio.
Umurongo w'abatoye imbere y'isango muri Reta ya Ohio.

Abanyagihugu hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika batanguye gutora imbere y’itariki amatora y’umukuru w’Igihugu ategekanya kuberako, itariki y’umunani, y’uku kwezi kwa cumi na rimwe, babandanya kwiyongera.

Ikigo kijejwe kumenyekanisha amakuru ku bijanye n’abatora kare, kimenyesha ko abashika ku miliyoni mirongo ibiri n'icenda bamaze gutora imbere y’indwi imwe isigaye ngw’amatora abe. N’ubwo bir’uko, ico kigo kimenyesha ko abirabure b’abanyamerika bataboneka mur’abo bazindutse gutora, nkuko vyibonekeje mu mwaka w'2012. Ivyo bikaba bidahumuriza abanywanyi b’aba Demokrate n’umukandida wabo Hillary Clinton, mu gihe yari yizeye ku mpunga y’uwo mugwi w’abanyagihugu basa n’abari bamushigikiye.

Ivyo vyatumye kandi Prezida Obama, mu kiganiro yatanze kur’uyu wa gatatu, atangaza ko kugira umurage wiwe ukingigwe, abirabure b’abanyamerika boja gutora uwo basangiye ivyiyumviro.

Umukandida Trump w’aba Republikani abandanya gushira inguvu ziwe kuri Retta ya Floride, isanzwe izwi ko itanga amajwi menshi. Mwomenya ko mur’iyo Reta, hari ibice birenga mirongo ine na bine kw’ijana vy’abazindutse gutora uyu mwaka kurusha mu mwaka w’2012.

Ikigo kijejwe kumenyekanisha amakuru ku bijanye n’abatora kare, kivuga ko ku ma Reta cumi n'imwe akomeye, Reta ya New Hamshire na Pennsylvannie arizo zonyene zitagaragaramwo abariko baratora imbere y’uko itariki ishika.

XS
SM
MD
LG