Uko wahagera

Amatora Muri Republika Iharanira Demokrasi Ya Congo


Umushingamateka atavuga rumwe na reta muri republika iharanira demokrasi ya Congo yaraye agandaguwe ku mugwa mukuru Kinshasa, mur’ iki gihe igihugu kiriko kiritegurira amatora azoba ku musi wa mbere mu ndwi iza.

Abapolisi bavuga ko abantu bitwaje ibigwanisho bateye umushingamateka Marius Gangale ari i Kinshasha hirya y’ ejo mw’ ijoro. Uwo mutegetsi yari mu muduga arikumwa n’ umupfasoni wiwe igihe abo bantu batangura kurasa.

Abapolisi bavuga ko bariko baratohoza niba ubwo bwicanyi bwarakozwe kubera imvo za politike.

Muri republika iharanira demokrasi ya Congo, kw’ igenekerezo rya 28 z’ uku kwezi hazoba amatora, amatora ya kabiri azoba abaye kuva aho ingwano ihagarariye mur’ ico gihugu.

Kuva mu kwezi guheze aho ibikogwa vyo kwiyamamaza bitanguriye, abanywanyi b’ imigambwe itavuga rumwe muri Congo baratanye mu mitwe akatari gake.

XS
SM
MD
LG