Uko wahagera

Amatora muri Republika iharanira Demokrasi ya Congo


Kur’uyu musi wa mbere itariki 28 z’ukwezi kw’umunani, abanyagihugu bo muri Republika ya Congo iharanira Demokrasi, bazoja gutora umukuru w’igihugu hamwe n’abashingamateka. Frederic Nkundikije yaraganiye n’umunyeCongo aba muri reta zunze ubumwe za amerika, umushingantahe Haguma Chiri Gode, umusi umwe imbere y’uko afata urugendo rumujanye mu gihugu ca Republika ya Congo iharanira demokrasi, aho agiye kwitoza mu kibanza c’umushingamateka mu ntara ya Rutshuru. Umushingantahe Haguma, avuga ko yizeye kw’uruhara yagize mu kugwanira agateka k’abanyagihugu bo mur’iyo ntara, ruzotuma atsindira ikibanza c’umushingamateka mu ntara ya Rutshuru. Tumutege amatwi:

XS
SM
MD
LG