Uko wahagera

Amatora Muri Republika Iharanira Demokrasi Ya Congo


Amatora Muri Republika Iharanira Demokrasi Ya Congo
Amatora Muri Republika Iharanira Demokrasi Ya Congo

Umugambwe munini utavuga rumwe na reta muri republika iharanira demokrasi ya Congo wagenye Jean-Pierre Bemba, ariko akurikiranwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha yo muri Hollande ku vyaha vyo mu ngwano, ngo abe ariwe azoserukira uwo mugambwe mu matora y’ umukuru w’ igihugu.

Uwo mugambwe, Movement pour la Liberation du Congo, hirya y’ ejo niho watangaza ko wagenye Jean-Pierre Bemba inyuma y’ inama y’ uwo mugambwe waruhejeje.

Bemba, yahoze ar’ icegera c’ umukuru w’ igihugu muri Republika iharanira Demokrasi ya Congo, ubu ari mu munyororo wa Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, aho yagirizwa ivyaha vyo mu ngwano n’ ivyaha birtyoza ikirwama muntu.

Bemba yagirizwa ko ariwe yararongoye umugwi w’ abagwanyi wishe kandi wafashe ku nguvu abantu amajana n’ amajana muri Republika iharanira Demokrasi ya Congo mu mwaka w’ 2002 no mu 2003. Bemba yarahakanye ivyo vyaha vyose muri sentare.

Bemba yabaye uwa kabiri mu matora y’ umukuru w’ igihugu yo mu 2006, amatora yariko ahiganira na presida Joseph Kabila ubu ari ku butegetsi .

Presida Kabila nawe nyene azosubira kwitoza mu matora yimirije mu kwezi kwa cumi na kumwe kuza.

XS
SM
MD
LG