Uko wahagera

Gutora Perezida Byatanguye muri Amerika


Ibiro vy'amatora mu gisagara ca Columbus, muri Reta ya Ohio.
Ibiro vy'amatora mu gisagara ca Columbus, muri Reta ya Ohio.

Ibiro vy’amatora hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika byamaze kugurura kugira abanyagihugu batangure gutora Perezida n'abandi bategetsi. Abakandida Donald Trump w’abarepublikani, na Hillary Clinton w’abademokrate bakaba aribo baharugwamwo uwutahana intsinzi mur’ayo matora.

Mwomenya ko ibiharuro vyerekana ivyigwa vy’amajwi abo bakandida bashobora gutahukana bisa n’ivyegeranye, yamara umukandida Hillary aza imbere mu ma Reta atari make, ashobora kumuha amahigwe yo gutahukana intsinzi, no kuba umukenyezi wa mbere azoba arongoye Igihugu mu mateka ya Amerika.

Iryo higanwa ryegeranye rikaba ryatumye abakandida babandanya imyiyamamazo, gushika k’umugobora wo kur’uyu wa mbere, aho Umukandida Hillary yari yagendeye amareta atatu ariyo Pennsylvaniya, Michigan na Carolina y’Uburaruko. Muri gisagara ca Philadelphia kiri muri Reta ya Pennsylvania, Hillary yari yaherekejwe na Prezida Obama, n’abandi batari bake, harimwo n’abaririmvyi bazwi nka Bruce Springsteen.

Ni mugihe umukandida Trump nawe yariko agendera reta ya Florida na New Hampshire. Ayo mareta ukw’ari atanu akaba ar’ama reta abo bakandida baronderamwo cane amajwi ashobora kubaha intsinzi.

Tubibuste kandi ko Umukuru w’Ibiro vy’Iperereza FBI, James Comey yatangaje kur’uyu w’Imana ko amatohoza yariko arakogwa k’umukandida Hillary, ku bijanye n’amabaruwa y’akazi yakoresheje akiri Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, ko ata caha cokurikiranwa n’amategeko bayasanzemwo.

XS
SM
MD
LG