Uko wahagera

Amatora mu Gihugu ca Guinee-Bissau


Amatora muri Guinee-Bissau
Amatora muri Guinee-Bissau

Uwuzoba yatsinze amatora azosubirira uwahoze ari prezida Malam Bacai Sanha, yitavye Imana mu kwezi kwa mbere inyuma y’indwara yamaze igihe kirekire,

Abanyagihugu bo muri Guinee Bissau baratoye umukuru w’igihugu mushasha ejo ku musi w’Imana. Ivyavuye mu matora vyitezwe kumenyekana mu kiringo c’indwi. Abantu icenda nibo bahiganiwe amabanga y’umukuru w’igihugu.

Mu bari imbere y’abandi barimwo Kumba Yala yahoze ari prezida yatembagajwe muri coup d’Etat yo mu mwaka w’2003, na Carlos Junior yatanze imihoho mu mananga y’umushikiranganji wa mbere kugira yitoze kuba prezida.

Hamwe ata mu candidat numwe yotsinda n’amajwi ahagije, incuro ya kabiri y’amatora yoca iba mu kwezi kuza.

Abatora bizeye ko prezida mushasha azozana umutekano mu gihugu, gikoreshwa nk’inzira mu budandaji bw’ibiyayura umutwe, kandi aho abategetsi b’abanyepolitike n’abategetsi b’igisirikare kenshi bagwanira ubutegetsi.

Kuva Guinee Bissau yikukiye mu mwaka w’1974, ico gihugu carageramiwe n’intwaro z’agahotoro, ama coups d’etat n’igandagurwa ry’umukuru w’igihugu mu mwaka w’2009. Nta mukuru w’igihugu yavuye mu matora ararangiza ikiringo cose c’imyaka itanu.

Uwuzoba yatsinze amatora azosubirira uwahoze ari prezida Malam Bacai Sanha, yitavye Imana mu kwezi kwa mbere inyuma y’indwara yamaze igihe kirekire, imyaka ibiri inyuma yuko atowe.

XS
SM
MD
LG