Uko wahagera

Haracari igipfungu ku gitero cahitanye abasirikare ba Siriya


Inyuma y’iminsi itatu igisirikare ca Leta Zunze Ubumwe z'Amerika gikoze igitero ku basirikare ba Siriya, haracari igipfungu ku bijanye n’ivyavuzwe na Amerika ko itamenye abo basirikare abari bo, n’igituma Igihugu c’Uburusiya kitagabishije Amerika kuvy’abo basirikare ba Siriya mur’ako karere.

Abagetsi ba Amerika bavuga ko bamenyesheje bagenzi babo b’Uburusiya ku bijanye n’integuro y’igitero c’indege mu gisagara ca Deir Ezzor, cabaye ku munsi wa gatandatu.

Ubushikiranganji bujejwe umutekano bw’Uburusiya bukamenyesha ko hapfuye abasirikare ba Siriya bashika ku 62.

Abategetsi ba Amerika bavuga ko abaguye mur’ico gitero bashobora kuba bar’abantu bari bagizwe imbohe na Reta ya Siriya, ko batari bambaye impuzu za gisirikare, kandi ko batari kumwe n’abasirikare ba Siriya.

Amatohoza ku bijanye n’ico gitero arabandanya.

XS
SM
MD
LG