Uko wahagera

Amategeko Arakwiye Kurekurira Abagabo Kugira Abapfasoni Benshi


Mu bihugu vyinshi vyo muri Afrika eka n’ ahandi mu makungu, abantu ntibabona kumwe ibijanye n’ abagabo bagira abapfasoni benshi, ivyo bita polygamie mu gifaransa. Har’ ibihugu bifise amategeko abuza abagabo kugira abapfasoni benshi, hakaba har’ ibindi bihugu aho amategeko abirekura. Har’ amadini avyemera n’ ayandi atavyeremera. Mu kiganiro Crossfire, ikiganiro kivuga ku bibazo biter’ impari mu bantu, twaravuganye n’ abashingantahe b’ Abarundi Clavert Niyonkuru na Dismas Ntiranyihura batubariye ico biyumvira kur’ ico kibazo mu Burundi.

XS
SM
MD
LG